Tombola ya Green Card 2027: Sentare yategetse ko iyandikwa ritangura bitarenze 1 Munyonyo

Sentare yo muri Amerika yategetse ko iyandikwa rya tombola ya Green Card yo mu 2027 ritangura bitarenze igenekerezo rya 1 Munyonyo 2026.

Igituma iyi nkuru ihambaye: Iki cemezo gitanga icizere ku Barundi n’abandi bipfuza kuronka amahirwe yo kuba muri Amerika biciye muri porogarama ya Green Card, inyuma y’aho iyandikwa ryari ryaratevye.

Ariko rero, kwiyandikisha muri iyo tombola ntibiguha icemezo c’uko uzotorwa canke uzohabwa Green Card.

Ibiki vyabaye?

Ku wa 14 Gitugutu 2026, umucamanza Jinsook Ohta wo muri Amerika yategetse Urwego rwa Amerika rujejwe imigenderanire n’ayandi makungu (U.S. Department of State) gutangaza amakuru ajanye n’iyandikwa rya tombola ya DV-2027 bitarenze igenekerezo rya 29 Gitugutu.

Iyi ngingo yafashwe mu rubanza rwa Red Eagle Law, L.C. v. Rubio, rwari rugamije gutuma Reta ya Amerika ibandanya porogarama ya DV-2027 yari yaratevye.

Iyandikwa ritegerezwa gutangura bitarenze igenekerezo rya 1 Munyonyo, rikamara imisi 30.

Amatariki ahambaye

  • 29 Gitugutu 2026: Umusi ntarengwa wo kumenyesha ibijanye niyandikwa rya tombola.
  • 1 Munyonyo 2026: Umusi ntarengwa wo gutangura kwakira abasaba kwiyandikisha.
  • 3 Kigarama 2026: Umusi ntarengwa wo kumenyesha abatoranijwe muri iyo tombola.

Aya ni amatariki yategetswe na sentare. Ariko rero, ntibisigura ko urubuga rwo kwiyandikisha rwamaze kwugururwa.

Hari ibindi bishobora guhinduka?

Reta ya Perezida Donald Trump irashobora kwiyamiriza iyo ngingo ya sentare. Iyo Reta ibigenjeje gutyo, urubanza rushobora kubandanya muri sentare nkuru ya Amerika, bivanye n’ingingo zizofatwa mu nyuma.

Ivyo bishobora kugira ico bihinduye ku matariki y’iyandikwa. Ariko rero, gushika ubu, ntidukwiye kuvuga ko Reta izoyemera iyo ngingo canke ko ikibazo kizoshikirizwa Sentare Nkuru ya Amerika ata makuru avyemeza.

Ni co gituma abipfuza kwitabira bakwiye gukurikiranira hafi amatangazo yemewe ya Reta ya Amerika, aho kwizigira amakuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi gusa.

Abipfuza kwitabira bokora iki?

Ni vyiza kwitegura hakiri kare no gukoresha imbuga zemewe gusa.

Abipfuza kwitabira tombola ya Green Card bakwiye:

  • Gukurikirana urubuga rwemewe rwo kwiyandikisha: https://dvprogram.state.gov/
  • Gusoma amabwirizwa ari ku rubuga rwa Reta ya Amerika.
  • Gutegura ifoto n’ibindi bisabwa, bakurikije amabwirizwa azotangazwa.
  • Kwirinda abantu canke amashirahamwe abasezeranira ko bazobafasha gutsinda iyo tombola ata kabuza.

Mu ncamake

Ingingo ya sentare yahaye tombola ya Green Card 2027 amatariki mashasha yo gukurikiza. Abipfuza kwitabira bakwiye kwitegura hakiri kare, ariko bakarindira amabwirizwa yemewe imbere yo kwiyandikisha.

Bondoza izobandanya gukurikiranira hafi iyi nkuru, ibamenyeshe amahinduka mashasha. Mudukwirikire kuri Instagram no ku zindi mbuga ngurukanabumenyi kugira ngo ntihagire amakuru ahambaye abacika.

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *